Uko wahagera

Imigenderanire ya Turukiya na Isirayeri Yanagutse


Umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Turukiya n'amakungu, kumwe n'uwujejejwe iya Isirayeri n'ayandi makungu

Turkiya na Israyeri vyasubiye kugirana imigenderanire yuzuye inyuma y'uko ihagaze mu kiringo c'imyaka ine. Ibiro vy’umushikiranganji wa mbere wa Israyeri, Yair Lapid, vyatangaje ku musi wa gatatu ko ivyo bihugu vyompi vyafashe ingingo y’ugusubira kugirana imigenderanire yuzuye.

Ivyo bihugu vyasubiye kurungikiranirana aba ambasaderi babiserukira bari birukanywe igihe vyahagarika imigenderanire hagati yavyo. Ni intambwe ikomeye inyuma y’uko imigenderanire hagati yavyo imaze amezi atari make igenda imera neza kurushiriza.

Imigenderanire yari yahagaze mu mwaka w’i 2018 inyuma y’uko inteko za Israyeri zishe abanyapalestina barenga 60 mu myiyerekano yariko ibera ku rubibe rw’intara ya Gaza. Hari inyuma y’uko Reta zunze ubumwe za Amerika zuguruye ambasade yazo mu gisagara ca Yeruzalemu.

Yamara kuva ico gihe ivyo bihugu vyaragerageje gusubira kunagura imigenderanire biciye cane cane mu gukorana mu gisata z’amasoko ntanganguvu. Gusubira kugirana imigenderanire myiza hagati ya Israyeri na Turkiya bibaye mu gihe Israyeri yarondeye kugirana imigenderanire myiza kurushiriza n’ibihugu bikomakomeye vyo mu karere irimwo.

Israyeri iza yarasubiye kugirana imigenderanire myiza na Bahrain, Emira zunze ubumwe z’abarabu na Maroke.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG