Uko wahagera

Guterres na ba Perezida ba Ukraine na Turukiya Barahura kuri uyu wa Kane


Perezida wa Ukraine Volodymyr Zelenskyy, iburyo, hamwe n'umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres inyuma yo kubonana i Kiev, ku murwa mukuru wa Ukraine, kw'itariki ya 28/04/2022.
Perezida wa Ukraine Volodymyr Zelenskyy, iburyo, hamwe n'umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres inyuma yo kubonana i Kiev, ku murwa mukuru wa Ukraine, kw'itariki ya 28/04/2022.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryavuze kuri uyu wa kabiri ko umunyamabanga mukuru waryo, Antonio Guterres azobonanira mu burengero bwa Ukraine na perezida wa Ukraine, Volodymyr Zelenskyy, hamwe na perezida wa Turukiya, Recep Tayyip Erdogan.

Umuvugizi wa ONU, Stephane Dujarric yavuze ko uwo mubonano uzoba ku musi wa kane kandi ko Perezida Zelenskyy ari we yatumyeko abo bategetsi.

Abo bategetsi batatu bari mu murwi w’abategetsi bane bateye umukono ku masezerano yo kwongera kureka ingano ziri mu bivuko vya Ukraine zigasubira gushorwa mu makungu.

Guhagarika gushora izo ngano kwatumye ibiciro vy’ibifungurwa vyiyongera kw’isoko mpuzamakungu. Ikigo ca ONU cita ku bifungurwa, PAM, cavuze ko imiriyoni 345 z’abantu mu bihugu 82 kw’isi bageramiwe n’inzara.

Ku musi wa gatanu, Guterres ategekanya kuzokwishikira ku kivuko c’i Odesa kwirabira uko vyifashe, ku musi wa gatandatu naho azoca aja i Istanbul muri Turukiya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG