Uko wahagera

Inteko za SADC Muri Mozambike Zigiye Kuronswa Imfashanyo n'Ubulaya


Igisirikari ca Mozambike

Umuryango w'ubumwe bw'Ubulaya ufise imigambi yo kwongereza imfashayo y'amafranga agenewe inteko zo muri Afrika ziri muri Mozambike.

Ni mu gihe ibitero vy'intagondwa z'abayislamu zigeramiye imigambi yerekeye umwuka utanga inguvu ugenewe kugabanya amakenga y’Umuryango w’ubumwe bwa Bulaya, wahora ukoresha amasoko ntanganguvu y'Uburusiya.

Ikibazo c’umwuka utanga inguvu mu karere k’Ubulaya catewe n’ingwano muri Ukraine catumye ako karere karondera uwo mwuka mu buraruko bwa Mozambike.

Urwego rujejwe imigenderanire rw’umuryango w’ubumwe bw’Ubulaya rwasavye ko uwo muryango woha ishirahamwe rijejwe iterambere mu karere ko muri Afrika yo mu bumanuko, SADC mu mpfunyapfunyo imiliyoni zirenga 15 z’amadolari mu mwaka w’i 2024.

Umuvugizi w’umuryango w’ubumwe bw’Ubulaya, yemeje ko iyindi mfashanyo y’amafaranga agenewe ishirahamwe SADC yashikirijwe. Yamara nta birenga aho yatangaje kubera amareta y’ibihugu bigize uwo muryango akiriko arabiganira.

Umutegetsi w’ishirahamwe SADC, yaremeje ko basavye imfashanyo y’umuryango w’ubumwe bw’Ubulaya, yamara ko ibihugu bigize SADC bizobandanya gutanga amafaranga agenewe gufasha ibikorwa vy’inteko zavyo zarungitswe muri Mozambike.

Uwo muryango ufashe iyo ngingo mu gihe uriko urondera guhangana n’igihagararo c’Uburusiya n’Ubushinwa gitera ciyongera muri Mozambike.

Mozambike ihanganye n’abarwanyi b’intagondwa z’abayislamu zikorana na reta ya kiyislamu mu ntara ya Cabo Delgado itunze umwuka utanga inguvu, iri mu buraruko bw’igihugu kuva mu mwaka w’i 2017.

Umuryango w’ubumwe bw’Ubulaya ufise impungenge ko hamwe ibihugu vyarungitse abasirikare muri Mozambike gufasha kurwanya intagondwa z’abayislamu bitoronswa imfashanyo y’amafaranga, izo ntagondwa zishobora gusubira kwigarurira uburaruko bwa Mozambike.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG