Uko wahagera

Abatalibani Baribuka Umwaka Urangiye Basubiye ku Butegetsi


AFGHANISTAN-TALIBAN-FLAG

Abatalibani muri Afuganistani batangaje ko kuri uyu wa mbere ari umusi w’akaruhuko mu gihugu, wo kwibuka umwaka urangiye basubiye gufata ubutegetsi. Ni inyuma y’aho inteko za Reta zunze ubumwe za Amerika n’iza OTAN zikinjuye zikava mu gihugu.

Abatalibani basubiye ku butegetsi bitabagoye, bashika ku murwa mukuru, Kabul kw’itariki 15 z’ukwa munani inyuma yo kwirukana abasirikare bari mu gihugu.

Abatalibani baremereye ko igihugu cabo kitazosubira guha indaro abakora iterabwoba, barimwo al-Qaida, babangamiye umutekano wa Amerika n’ibihugu bicuditse. Abo Batalibani baremeye kandi ko bazokwubahiriza agateka k’abanyefuganistani bose, barimwo n’abagore, hamwe no kutagarukana amategeko ya reta yatwara hagati 1996-2001.

Ariko kuva basubira ku butegetsi, reta y’Abatalibani yasubiye ku mategeko ahungabanya agateka k’abagore mu kubabuza gukora ubuzi, kwiga, yongera isubizaho amategeko abaka umwidegemvyo.

Amakenga kw’iyubahirizwa ry’agateka ka muntu n’ayajanye n’iterabwoba yatumye amakungu abangira kwemera reta y’Abatalibani no kutihuta gukuraho ibihano vy’ubutunzi bafatiwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG