Uko wahagera

Misiri: Abarenga 40 Bahitanywe n'Umuriro Wadutse mw'Isengero


Abategetsi muri Misiri batangaza ko abantu barenga 40 baguye mw’isanganya ry’umuriro ryadutse mw’isengero ry’abakopte riri ku murwa mukuru, Caire. Abababa 15 bakomerekejwe n’uyo muriro.

Igihe umuriro waduka, abari mw’isengero bagera ku 5000 nkuko abategetsi ba Misiri babandanya kubivuga. Itororokanirizo ry’amakuru y’Abongereza, Reuters, Ijwi ry’Amerika rikesha ino nkuru rivuga ko benshi mu bahitanywe n’uyo muriro ari abana.

Ku rundi ruhande ariko, itororokanirizo ry’amakuru y’Abafaransa, AFP, ritangaza ko ubushikiranganji bw’amagara y’abantu muri Misiri bwavuze ko abahitanywe n’umuriro w’uno wa Mungu ari 55.

Amatohoza yo kwemeza icateye uwo muriro aza yamaze gutangura. Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, bwasiguye ko bwikeka ko umuriro watewe n’icuma co gukanyisha inzu, kiri kw’igorofa ya kabiri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG