Uko wahagera

Uburusiya na Ukraine Batanye mu Mitwe mu Micungararo ya Zaporizhzhia


Ahaherereye uruganda rwa Zaporizhzhia
Ahaherereye uruganda rwa Zaporizhzhia

Gutana mu mitwe hagati y’ingabo za Ukraine n’iz’Uburusiya mu micungararo y’uruganda rwa Nikleyeri rwitwa Zaporizhzhia kurabandanya. Ukraine yagirije Uburusiya ko bubandanya kugaba ubutavanako ibitero vya roketi kuri urwo ruganda, yongera igabisha ko ivyo bitero bishobora gutuma haba insanganya rikomeye ritewe n’ubumara bwa Nikleyeri.

Prezida wa Ukraine yabwiye Uburusiya ko ingabo ziwe ziteze guhigura n’ingabo z’Uburusiya, yemeza ko ziriko zigaba ibitero mu micungararo ry’uruganda rwa Zaporizhzhia. Ku rundi ruhande ariko, Uburusiya ahubwo bwagiriza Ukraine ko ari yo irasa iri mu micungararo y’urwo ruganda. Uburusiya bwigaruriye uruganda rwa Zaporizhzhia mu kwezi kwa gatatu, haheze imise mike cane butanguye gutera Ukraine.

Abahinga mu vy’ubumara n’ibirwanisho ruhonyanganda ku mugabane wa Buraya bagabishije ko ibitero mu micungararo y’uruganda rwa Zaporizhzhia bidahagaze mu maguru masha, hashobora kuba akaga isi itazokwitura. Ishirahamwe mpuzamakungu ONU naryo ryasavye guhabwa uruhusha vyihuta rikishikira ahari urwo ruganda kuraba uko ibintu bimeze.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG