Uko wahagera

Abategetsi ba Nijeriya Bavuga ko Bishe Abantu 55 mu Banyuruza Abantu


Abasirikare ba Nijeriya bariko baraharura ibirwanisho batse umwansi, kw'itariki ya 21/04/2022
Abasirikare ba Nijeriya bariko baraharura ibirwanisho batse umwansi, kw'itariki ya 21/04/2022

Igisirikare ca Nijeriya kirwanira mu kirere catangaje ko ibitero vy’indege cakoze muri iyi ndwi vyishe abagizi ba nabi 55 bazwi mu kunyuruza abantu kugira babavyaze amafaranga imbere yo kubarekura. Umuvugizi w’ico gisirikare yavuze ko inyuma y’ivyo bitero abo bagizi ba nabi barekuye abantu bari baragize imbohe.

Reta ya Nijeriya yama yidogewe ko yananiwe no guhagarika abanyuruza abantu hamwe n’ibitero vy’abajihadiste.

Ivyo bitero vy’indege bikozwe haheze indwi Prezida wa Nijeriya Muhammadu Buhari akoranije inama ku mutekano w’igihugu avuga ko yahaye abajeje umutekano uburenganzira bwose bwo guhangana n’abakora iterabwoba.

Nijeriya imaze imyaka irenga cumi n’ibiri irwanya intagondwa zigendera ku vyiyumviro vya kiyisilamu.

Mu ntango z’iyi ndwi kandi, igiporisi ca Nijeriya caratangaje ko cafashe abantu bane bakekwa ko bafise uruhara mu gitero cakozwe kw’isengero Katolika, ahasize ubuzima abakristu 40 muri reta ya Ondo iri mu bumanuko bushira uburengero.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG