Uko wahagera

FBI Yagiye Gusaka Inyubako ya Donald Trump muri Florida


Umuporisi wa FBI yinjira ku nyubako ya Donald Trump i Mar-a-Lago, i Palm Beach, muri Florida, kw'itariki 8/08/2022
Umuporisi wa FBI yinjira ku nyubako ya Donald Trump i Mar-a-Lago, i Palm Beach, muri Florida, kw'itariki 8/08/2022

Uwahoze atwara Reta zunze ubumwe za Amerika, Donald Trump yavuze ko abaporisi b’ikigo c’inyamiramabi FBI bashwaye inyubako yiwe y'ahitwa Mar-a-Lago, mu gisagara ca Palm Beach, muri reta ya Florida.

Ibimenyeshamakuru bivuga ko icatumye FBI ija kuhasaka kitaramenyekana.

Ariko ubushikiranganji bw’ubutungane bumaze igihe butohoza ku madosiye y’impapuro atari make arimwo amakuru y’ivyabera mu ngoro ya White House igiye yari perezida. Ayo madosiye Trump yagirizwa kuba yarayimukanye muri Florida igihe yava muri White House mu kwezi kwa mbere 2021.

Inyamiramabi za FBI zirinze kuvuga nimba umushikiranganji w’ubutungane ari we yabarungitse gusaka iyo nyubako.

Mu ntango z’uyu mwaka, ikigo ca reta kijejwe kubika amabanga y’ivyanditswe cavuze ko catoye amasandugu 15 yuzuye amadosiye y’amabanga muri iyo nyubakwa ya Trump y’i Mar-a-Lago aho aba.

Amerika ifise itegeko ryatowe mu 1978 rivuga ko amabanga yose ya perezida igihe aba ari ku butegetsi ari ay'igihugu kandi abwirizwa gushirwa aho agenewe kubikwa kuva igihe perezida avuye ku butegetsi.

Iri saka rije mu gihe Trump ari mu myiteguro yo kuzongera kwitoza mu 2024. Yagiriza abademokrate kuba batagomba ko yongera kwitoza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG