Uko wahagera

ONU Igiye Gufata mu Mugongo Iterambere ry'Uburundi


Amabendera ya ONU n'Uburundi
Amabendera ya ONU n'Uburundi

Ibisata bikukira ishirahamwe mpuzamakungu ONU vyemeye gufata mu mugongo umugambi w’igihugu c’Uburundi w’iterambere rirama. Uwo mugambi w’imyaka 5 ugamije kugwiza umwimbu, gushinga amahinguriro, gutanga ubuzi, guteza imbere uburimyi n’ubworozi n’ibindi bisata nk’indero n’amagara y’abantu. Intumwa ya ONU mu Burundi ari kumwe n’umushikiranganji w’imigenderanire batanguje uwo mugambi kuri uyu wa mbere.

Ku bw’ibisata 16 bikukira ishirahamwe mpuzamakungu ONU, umugambi w’iterambere Uburundi bwasabiye imfashanyo muri ONU uratomoye kandi uzotuma igihugu cisununura inyuma y’imyaka itari mike y’intureka za politike.

Ivyo vyashikirijwe n’umuhuzabikorwa w’ibisata vya ONU bikorera mu Burundi kuri uyu wa mbere aho hatangura ibiganiro hagati y’ivyo bisata n’umugwi w’ubushikiranganji butandukanye urongowe n’umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’amakungu.

Ni ibiganiro vyo kurabira hamwe icihutirwa mu mugambi w’iterambere rirama.
Umushikiranganji w’imigenderanire Albert Nshingiro arashima ico gikorwa.
Umuhuzabikorwa w’ibisata vya ONU vyose bikorera mu Burundi, Damien Mama yizeye ko ivyo biganiro bizokwerekana aharwaye kurusha ahandi kugira iterambere risubire gusasagara mu gihugu. Uburundi bushimangira ko igihe co gufasha ico gihugu caheze, ahubwo ko ubu izo nzego zibiri zizokorana nk’abafatanyabikorwa.

Mu bisata vya ONU 16 biri muri uwo mugambi harimwo Unicef, OMS, PAM, Pnud, Fnuap n’ibindi. ONU yifuza ko n’igisata c’ubutungane n’agateka ka zina muntu conagurwa. Ni ibiganiro bije inyuma y’aho Ubumwe bwa Bulaya bukuriye ibihano vy’ubutunzi ku Burundi.

Imfashanyo mvamakungu yahora itangwa n’ibihugu vya Bulaya hamwe na ONU yarenga igice c’amafranga reta ikoresha ku mwaka. Ubu ONU yahisemwo gucisha ubwo buryo mu migambi y’iterambere mu bushikiranganji butandukanye.

Inkuru ya Pierre Claver Niyonkuru akorera Ijwi ry'Amerika i Kigali mu Rwanda.

ONU Igiye Gufata mu Mugongo Iterambere ry'Uburundi
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:16 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG