Uko wahagera

Ukraine: ONU Isaba Amatohoza ku Gitero co kw'Ihinguriro ry'Ibirwanisho


Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU asaba ko
abahinga bahabwa uburenganzira bwo kuja gusuzuma inyubakwa y’ihinguriro
ry’ibigwanisho ruhonyanganda (nukleyere) yatewe muri Ukraine.

Inyuma y’aho Ukraine n’Uburusiya vyagiranije uruhara kuri ico gitero cakozwe ku
kigo kiri i Zaporizhzhya, Antonio Guterres asaba ko abahinga bemererwa kuja kuri
ico kibanza kubitohoza. Yabishikirije igihe yari mu kiganiro n’abamenyeshamakuru
mu Bujapani. Yongeye avuga ko igitero icarico cose gikorwa ku kigo gihingura
ibigwanisho rohonyanganda vya nuclear “biba ari nko kwiyahura”.

Ku musi wa mungu niho Ukraine yongeye kwagiriza Uburusiya kuba bwarakoze ico
gitero cakozwe ku nyubakwa ya mbere nini ikora ibigwanisho vya nuclear Iburaya.
Abajejwe ico kigo ca reta ya Ukraine bavuga ko abasirikare b’Uburusiya bononye
ivyuma bitatu bisuzuma ivyuka vya Nuclear mu gitero bakoze mw’ijoro ryo ku musi wa gatandatu. Bavuga kandi ko ico gitero cakomerekeje umwe mu bakozi baho.

Ku rubuga rwiwe rwa twitter, Prezida wa Ukraine Volodymyr Zelenskyy yanditse
avuga kw’ico gitero gisaba kw’ibhugu vyo mu mahangfa bisubiriza mu nkoko igihugu c’Uburusiya. Yavuze kw’ivyo bihugu bikwiye gukora igitero ku mahinguriro y’Abarusiya ahingura ibigwanisho ruhonyanganda vya Nuclear.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG