Uko wahagera

Prezida Ouattara Yahaye Imbabazi Prezida Gbagbo


Alassane Ouattara kumwe na Laurent Gbabo
Alassane Ouattara kumwe na Laurent Gbabo

Prezida wa Cote d’Ivoire Alassane Ouattara yarahaye imbabazi z’umukuru w’igihugu umukeba wiwe w’igihe kirekire Laurent Gbagbo. Ouattara ni we yitangarije ubwiwe ko yababariye Gbagbo, mu ntumbero yo kwiyunga bitegurira amatora yo mu 2025.

Laurent Gbagbo yabaye prezida wa Cote d’Ivoire kuva mu 2000 kugera mu 2011. Yasubiye mu gihugu ciwe mu mwaka uheze, sentare mpuzamakungu mpanavyaha, CPI, imaze kumweza ku vyaha vy’intambara yagirizwa. Ni ivyaha ahanini vyakozwe mu matora yo mu 2010, abatavuga rumwe nawe banse kwemera ivyayavuyemwo bavuga ko atayatsinze.

Naho CPI yamwejeje, ubutungane bwa Cote d’Ivoire bwari bukimukurikiranako ivyaha vyo kunyuruza ubutunzi bw’igihugu. Mu 2019, yari yaciriwe umunyororo w’imyaka 20 kubera ivyo vyaha. We yamara abihakana yivuye inyuma. Prezida Alassane Ouattara yamubabariye kuri ivyo vyaha vyari bikimwagira agira ati: “ Nasinye itegeko ryo kumuha ikigongwe mu ntumbero yo gukomeza ukwiyunga mu kibano.”

Ikindi Prezida Alassane Ouattara yatangaje, n’uko yategetse ko ubutunzi bwose bwa Gbagbo burimwo amafaranga ama banke yari yarafasha, abusubizwa. Ouattara yategetse kandi ko ahabwa ibirarane vy’uturusho abahoze ari abakuru b’igihugu ba Cote d’Ivoire bahabwa. Gbagbo kuva acagirizwa ivyaha bitandukanye, nta karusho na kamwe k’abahoze ari abaprezida yari agihabwa.

Imbabazi Alassane Ouattara ahaye Laurent Gbagbo zije zikurikira inama idasanzwe yahuje abo banyepolitike mu kwezi kw’indwi. Iyo nama yarimwo kandi na Henri Konan Bedie, nawe yahoze ari prezida wa Cote d’Ivoire. Uko ari batatu, ni bo bagiye barabisikanya ku ntebe ya prezida wa Cote d’ivoire kuva mu 1990.

Prezida wa Cote d’Ivoire Alassane Ouattara ntaratomora niba ategekanyana kuzokwitoreza iyindi manda mu matora yo mu 2025. Gusa, yavuze ko ari nkahamwe Gbagbo na Bedie bovana akarenge muri politike ya Cote d’Ivoire nawe yoca akavanamwo. Kugera ino saha, Gbagbo na Bedie ntaco baravuga kijanye na kazoza kabo muri politike ya Cote d’Ivoire.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG