Uko wahagera

Kameruni Yasinye Amasezerano y'Amahoro n'Intara ya Casamance


Casamance, Senegal
Casamance, Senegal

Senegal yarasinye amasezerano y’amahoro kuri uwu wa kane n’abarobeli bakorera mu bumanuko bw’igihugu, bemera gushira ibirwanisho hasi no gukora kugira haboneke amahoro arama.

Umukuru w’abarobeli, Cesar Atoute Badiate, arongoye umuhari Les Forces Democratiques de Casamance, hamwe n’intumwa za perezida wa Senegal Macky Sall basinyiye ayo masezerano muri Gineya Bissau.

Perezida Macky Sall yari yemereye abanyasenegal ko kugarukana amahoro arama mu ntara ya Casamance kiri mu biza imbere muri manda yiwe ya kabiri ku butegetsi.

Perezida wa Gineya Bissau, Umaro Sissoco Embalo, asanzwe arongoye ishirahamwe CEDEAO muri iki kiringo yemeye ko agiye kuzoherekeza Senegal mu gushira mu ngiro ayo masezerano.

Ibiri muri ayo masezerano biracagizwe ibanga gushika ubu.

Intara ya Casamance, iri mu bumanuko bwa Senegal isa n’iyitandukanije n’igihugu. Ifise imico yayo yisangije, n’ururimi yasigiwe na Portugal mu gihe c’Ubukoloni.

Intambara hagati yabo biyonkoye ku gihugu yatanguye kuva mu mwaka w’1982 kandi imaze guhitana ibihumbi bitari bike vy’abanyagihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG