Uko wahagera

OTAN Yiyemeje Gufasha Ukraine mu Ngwano Irimwo n'Uburusiya


Jens Stoltenberg kumwe na Prezida wa Ukraime
Jens Stoltenberg kumwe na Prezida wa Ukraime

Umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe OTAN, Jens Stoltenberg, yatangaje uno musi ku wa kane ko iryo shirahamwe ritegerezwa gufasha Ukraine mu rugamba rwo kurwanya Uburusiya no gukora ibishobotse vyose kugira intambara ntihinduke ingwano hagati y'Uburusiya na OTAN.

Stoltenberg yatangaje ko ishirahamwe OTAN ritegerezwa gufasha Ukraine n’abanya Ukraine bageramiwe n’ingwano yatewe n’agasomborotso k’Uburusiya.
Avuga ko bariko babona ibitero bikorwa ku basivile hamwe n’ibintu bisenyurwa bitigeze bishika kuva ingwano ya kabiri y’isi yose irangiye. Amenyesha ko badashobora kwihoza ibintu nk’ivyo.

Stoltenberg yavuze ko umutekano uzohungabana bikomeye kurushiriza mu makungu no mu gihe Prezida w’Uburusiya, Vladimir Putin yaronka ivyo ashaka biciye mw’ikoreshwa ry’inguvu za girikare. Atangaza ko hamwe Putin yotsinda ingwano, azoba yemeje ko inguvu zikora. Muri ico gihe ko n’ibihugu bibanyi vya Ukraine bishobora gukwirikira.

Uno musi ku wa kane kandi, igisirikare ca Ukraine catangaje ko inteko z’Uburusiya zarashe vya muzinga n’amarokete mu bice bitari bike vy’igihugu, harimwo ibice biri mu micungararo ya Kharkiv, Slovyansk na Chernihiv.

Ku ruhande rwa Ukraine, umushsikiranganji ajejwe kwivuna abansi w’Ubwongereza yatangaje ko inteko z’ico gihugu zakoresheje za misile na vya muzinga mu bitero mu bice birimwo inteko z’Uburusiya hamwe n’ibibanza bibikwamwo ibigwanisho n’insoro.

Naho ku bijanye n’ibibazo vy’amasoko ntanganguvu, abashikiranganji bajejwe imigenderanire b’ibihugu 7 bikomeye kurusha ibindi kw’isi mu vy’ubutunzi barasohoye itangazo mw’ijoro ryo ku musi wa gatatu rimenyesha ko bariko barondera uburyo kuzibira kugira Uburusiya ntibukure akarusho mu ngwano y’agasomborotso muri Ukraine. Abo bategetsi bavuze kandi ko bariko barihweza uburyo bwo kugabanya ubushobozi bw’ico gihugu bwo kubandanya iyo ngwano.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG