Uko wahagera

Amerika Yafatiye Ibihano Bishasha Abatunzi Begereye Ubutegetsi mu Burusiya


Perezida w'Uburusiya Vladimir Putin haruhande y'umunonotsi Alina Kabaeva mu nama n'umurwi w'akora inkino za Olempike i Kremlin i Moscou, mu Burusiya, kw'itariki 4/11/2004.

Reta zunze ubumwe za Amerika yafatiye ibihano bishasha Abarusiya b’abatunzi karuhariwe, barimwo agebereye ubutegetsi hamwe n’umukenyezi umwe. Uwo mukenyezi azwi kw’izina rya Alina Kabaeva, yarabaye rurangiranwa mu nkino za Olempike. Bimwe mu bimenyeshamakuru mu Burusiya bikunze kuvuga ko akunzwe cane na Perezida Vladimir Putin kandi yamuvyariye abana bane.

Ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe ikigega bwahagaritse visa ya Kabaeva, w’imyaka 39, bwongera bumubuza kugira ububasha ku matungo yiwe. Alina Kabaeva yarigeze kuba ari umushingamateka w’Uburusiya, kandi ubu arongoye ikompanyi y’ikimenyeshamakuru c’igihugu camamaje Uburusiya igihe bwinjira muri Ukraine.

Ubwongereza nabwo nyene bwaramufatiye ibihano mu kwezi kwa gatanu, ndetse n’ubumwe bwa Buraya bumubuza kugendera uwo mugabane, butako bumufatira amatungo afitiye kuri uyo mugabane mu kwezi kwa gatandatu.

Ubushikiranganji bw’imigenderanire n’ayandi makungu bwa Amerika nabwo nyene bwafashe ibihano kuma visa hamwe n’ibindi bihano kuri abo bagwizatunga b’Abarusiya.

Umushikiranganji Antony Blinken aburongoye yavuze ko abo batunzi karuhariwe b’Abarusiya barushiriza kwirundanirizako amatungo n’amafaranga bagaca bayafashisha reta y’Uburusiya mu ntambara bwateje muri Ukraine.

@VOA

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG