Uko wahagera

USA: Abahitanywe n'Imvura y'Isegenya muri Kentucky Barenze 35


Amwe mu mazu yarengewe n'immvura muri Kentucky
Amwe mu mazu yarengewe n'immvura muri Kentucky

Abantu 35 ni bo bamaze kumenyekana ko bahitanywe n’imvura y’isegenya hamwe n’imyuzurire mu reta ya Kentucky muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu mpera z’indwi turangije. Mu bantu bahitanywe n’ivyo biza harimwo abana bane. Ejo ku wa mbere Buramatari wa reta ya Kentucky Andy Beshear yaragabishije ko ikirere kitameze neza kandi ko muri ako karere hitezwe ibindi bihe bibi. Yavuze ko bishoboka kw’igitigiri c’abantu bahitanywe n’ivyo biza gishobora kwiyongera.

Umuyobozi ajejwe umutekano ku nkengera z’inzuzi, amenyesha ko hariho abantu 400 batabawe na za kajugujugu z’ibiro arongoye.
Kuri uno wa kabiri ibirere ntibimeze neza, bikaboneka ko bishobora gutuma utwigoro two gutabara abantu tutagenda neza nk’uko bavyipfuza.
Abategetsi barabandanya ibikorwa vyo gutabara abanyagihugu mu guha impfungurwa n’uburaro abantu ibihumbi n’ibihumbi bavuye mu zabo kubera ivyo biza.

Ku musi wa gatanu niho Prezida wa Amerika Joe Biden yatangaza ko reta ya Kentucky iri mu bihe bidasanzwe, ivyo bikaba vyatumye reta yiwe ishobora gushikiriza uburyo bwose bukenewe bwo kugarukira imbabare.
Iyo myuzurire n’iyo mvura y’isegenya bibaye ibiza bigira kabiri bibaye mu mezi indwi muri reta ya Kentucky. Bibaye inyuma y’igihuhusi giheruka guhitana abantu 80 mu kwezi kwa 12 guheze.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG