Uko wahagera

DRC: Reta Ishobora Gufata Ingingo yo Kwirukana Ingabo za MONUSCO


Bamwe mu basirikare ba MONUSCO
Bamwe mu basirikare ba MONUSCO

Reta ya Republika ya demokrasi ya Kongo itegekanya gusubira kwihweza umugambi wo gukura muri ico gihugu, inteko zijejwe gucungera umutekano z'ishirahamwe ONU, zizwi nka Monusco. Ni inyuma y'imyiyerekano yo kwiyamiriza izo nteko, yabayemwo uruhagarara n’ubwicanyi mu ndwi iheze.

Reta ya Kongo isa n’iyivuga ko ishobora gusaba inteko zijejwe gucungera umutekano za ONU kuva mu gihugu mu buryo bwihutirwa kurusha uko vyari vyitezwe.

Itangaza ko abasivile 29 n’abasirikare 4 ba MONUSCO bishwe mu myiyerekano yabereye mu buseruko bw’igihugu. Abari mu myiyerekano basaba ko inteko za ONU zijejwe gucungera umutekano ziva mu gihugu kubera zananiwe gukingira abasivile. Imirwi yitwaje ibirwanisho yarahungabanije umutekano w'abp banyagihugu mu karere ko mu buseruko bwa Kongo mu kiringo c’imyaka itari mike.

Reta yategetswe kwihutisha inama na MONUSCO mu ntumbero yo gusubira kwihweza umugambi werekeye gukura inteko zayo mu gihugu. MONUSCO imaze imyaka itari mike igabanya inteko zayo ziri muri Kongo. Ikiringo cayo kizorangira mu kwezi kw’icumi na kabiri.

Inteko z’ishirahamwe ONU zaragirijwe ko zihoye mu gukoresha inguvu, rimwe na rimwe insoro zica. Ivyo vyabaye inyuma y’aho abari mu myiyerekano amajana n’amajana bateye amabuye izo nteko, bagasahura bakongera bagaturira inyubakwa z’ishirahamwe ONU.

Ishirahamwe ONU ryariyamirije uruhagarara n’ubwicanyi vyabaye, ryiyemeza no gutohoza ivyabaye ku mpande zose, rifadikanije n’abategetsi ba Reta ya Kongo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG