Uko wahagera

Amerika Yemereye Ukraine Ibindi Birwanisho Biciye Imiriyoni $550


Ibirwanisho Amerika yarungikiye Ukraine
Ibirwanisho Amerika yarungikiye Ukraine

Reta zunze ubumwe za Amerika yatangaje kuri uyu wa mbere uyundi muce mushasha w’ibirwanisho bigiye kurungikirwa Ukraine mu ntambara irimwo n’Uburusiya. Ibi birwanisho bigizwe n’ibisasu vya roketi hamwe n’ivy’ibikoho vya muzinga.

Umuvugizi w’akanama k’igihugu kajejwe umutekano mu gihugu, John Kirby, yabwiye abamenyeshamakuru ko iyi mfashanyo nshasha ifise agaciro k’imiriyoni 550 z’amadolari.

Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi muri Amerika nabwo bwavuze ko iyi mfashanyo nshasha iciye ishikana imiriyaridi z’amadolari zirenga 8.8 Amerika imaze guha Ukraine kuva Perezida Joe Biden ashika ku butegetsi.

Muri iki kiganiro n’abamenyeshamakuru, John Kirby yaboneyeho akaryo ko kumenyesha ko ubwato bwa mbere butwaye ingano zo muri Ukraine bwandurutse buva ku kivuko ca Odessa kuri uyu wa mbere.

Bubaye ubwato bwa mbere butwaye ibifungurwa buhaguruka buva kuri ico kivuko kuva intambara itangura. Ni inyuma y’amasezerano yapfunditswe hagati ya ONU, Turukiya n’Uburusiya. Ni amasezerano yari atumbereye kugondoza Uburusiya kugira bwugurure uwo muhora wo mw’ibahari yirabura bwari bwarazibiye kuva aho bwigaruriye ako gace.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG