Uko wahagera

USA Yemeza ko Uburusiya Butumbereye Gutwara Intara za Ukraine Bwafashe


John Kirby, avugira akanama ka Amerika kajejwe umutekano
John Kirby, avugira akanama ka Amerika kajejwe umutekano

Reta zunze ubumwe za Amerika yagirije Uburusiya kuri uyu wa kabiri kuba buriko burashira mu ngiro imigambi yabwo yo kwiyomekerako izindi ntara za Ukraine.

Umuvugizi w’akanama ka Amerika kajejwe umutekano muri Amerika, John Kirby, yabwiye abamenyeshamakuru ko Uburusiya buriko buriyomekerako uturere twa Ukraine bugenzura kandi ko biteye kubiri n’ubwigenge ba Ukraine.

John Kirby avuga ko Uburusiya buriko burakora nk’ivyo bwakoze mu mwaka wa 2014, igihe bwatera bukigarurira intara ya Crimea. Yabwiye abamenyeshamakuru ko Uburusiya buriko burashiraho abategetsi babwo mu turere bwafashe twa Ukraine kandi ko butegekanya gutunganyayo amarefandumu nko mu ntango z’ukwezi kw’icenda.

Uyu muvugizi w’akanama kajejwe umutekano yavuze ko ariko aratangariza amakungu iyi migambi igayitse y’Uburusiya kandi ko Amerika ifatanije n’incuti zayo bazokwishura mu buryo bukomeye.

John Kirby yavuze ko ibice Uburusiya bugomba kwiyongererako burimwo intara za Kherson, Zaporizhzhia, hamwe n’intara zose za Donetsk na Luhansk.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG