Uko wahagera

Perezida Biden Yemeza ko Amerika Yishe Umukuru wa Al-Qaida Ayman al-Zawahiri


Umukuru wa al-Qaida, Ayman al-Zawahiri
Umukuru wa al-Qaida, Ayman al-Zawahiri

Perezida Joe Biden yavuze kuri uyu wa mbere ko misile ya Amerika yatewe mu mpera z’indwi iheze yishe umukuru wa al-Qaida, Ayman al-Zawahiri, umwe mu bakora iterabwoba yaronderwa cane kw’isi.

Mu myaka icumi iheze, al-Zawahiri niwe yari arongoye al-Qaida, umuhari w’iterabwoba wakwirakwije amashami kw’isi, inyuma y’ibitero bikomeye wakoze ku butaka bwa Amerika kw’itariki ya 11 z’ukwezi kw’icenda, 2001.

Perezida Biden yavuze ku mugoroba wo kuri uyu wa mbere ko ubu ubutungane bwatanzwe, ko uwahoze ari umukuru w’iterabwoba atakiriho.

Al-Zawahiri, yavukiye muri Misiri, mu muryango w’abakire kandi amenyerezwa mu mwuga w’ubuganga wo kubaga. Yatanguye kurongora Al Qaida mu 2011. Imbere y’ico gihe, vyavugwa ko yari umuganga yihariye wa bin Laden.

Urupfu rwiwe rwemejwe haheze isaha abategetsi b’Abatalibani i Kabul muri Afuganistani bavuze ko habaye igitero ku musi w’Imana mu gace kabamwo abantu ku murwa mukuru Kabul. Abo bategetsi bavuze kandi ko ico gitero cakozwe n’indege y’abanyamerika yo mu bwoko bwa drone.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG