Umugwi CVR wo kumenya ukuri no kunywanisha Abarundi uhamagarira abasirikare kutumvira amategeko mabi bahabwa n’ababatwara mu bihe vy’indyane no kutivanga muri politike. Uwo mugwi wabitangaje kuri uyu wa gatanu igihe wari wabagendeye mu biro bikuru vya gisirikare i Bujumbura kubasigurira uruhara igisirikare cagize mu ntureka n'ubwicanyi bwo mu mwaka w'1972.
Kubw’umugwi CVR ujejwe kumenya ukuri no kunywanisha Abarundi, igisirikare c’igihugu caragize uruhara rukomeye mu bwicanyi bwo mu mwaka w’1972.
Uri mu biro bikuru vya gisirikare, umugwi CVR wamenyesheje kuri uyu wa gatanu, ko Abasirikare bo ku nzego zo hejuru batumwe gufata, gufunga no kwegeranya abishwe ico gihe.
Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Pierre Claver Niyonkuru Yaduteguriye ino nkuru
Facebook Forum