Abategetsi b’Uburusiya, Ubufransa na Reta zunze ubumwe za Amerika bariko baragendera ibice bitandukanye vyo ku mugabane wa Afrika aho bariko barondera gushigikirwa kuho bahagaze ku bijenye n’ibibera muri Ukraine.
Abitegereza ibintu bavuga ko abo bategetsi bariko bahiganirwa bikomeye igihagararo cabo kuri uwo mugabane mu buryo bitari bwibonekeze kuva mu gihe c’imishamirano yari hagati y’icahoze citwa ubumwe bw’abasoviyete n’ibihugu vyo mu burengero bw’isi.
Umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’Uburusiya, Sergei Lavrov na prezida w’Ubufransa, Emmanuel Macron, bariko bagendera ibihugu bitari bike vyo muri Afrika muri iyi ndwi. Samantha Powell, ayoboye ikigo ca Amerika kijejwe iterambere mmu makungu, USAID yagendeye Kenya na Somaliya mu ndwi iheze.
Ambasaderi wa Amerika mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Linda Thomas-Greenfield azoja muri Ghana na Uganda mu ndwi iza.
Umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’Uburusiya, Sergei Lavrov mu rugendo yagize muri Afrika, mu Misiri, Congo-Brazzaville, Uganda na Etiyopiya, yarondeye kwerekana kerekana ko ibihugu vyo mu burengero bw’isi arivyo vyagirizwa iduga ry’ibiciro vy’ibifungurwa kw’isi. Ni mu gihe ibihugu vyo mu burengero bw’isi vyo vyagirije Uburusiya ko buriko bukoresha ibifungurwa nk’ikirwanisho mu rugamnba irimwo navyo.
Ku ntwaro ya prezida w’Uburusiya, Vladimir Putin, Uburusiya bwarondeye gushigikirwa n’igihugu vyo muri Afrika mu kiringo c’imyaka itari mike. Mu vyibutsa igihe icari ubumwe bw’abasoviyete bwashigikiye imihai itari mike muri Afrika yarwanira kwikurako intwaro za gikoloni.
Mu rugendo prezida w’Ubufransa, Emmanuel Macron arimwo muri Afrika, yagirije Uburusiya ko bukoresha televiziyo zabwo nka RT mu ntumbero y’ugukwiragiza propaganda y’ugushigikira ingwano Uburusiya buriko buragira muri Ukraine.
Yagirije Uburusiya ko buriko bugira imbohe amakuru mu kuzibira Ukraine kugira ntishobore gushorera hanze intete zayo. Yasavye ibihugu vyo muri Afrika guha umugongo Uburusiya.
Facebook Forum