Uko wahagera

Prezida w'Ubufaransa mu Rugendo muri Afurika


Prezida Paul Biya kumwe na Prezida Macron
Prezida Paul Biya kumwe na Prezida Macron

Ubufransa buzokwishura neza ku vyasabwe na Benin n'ibindi bihugu vy'ugufashwa mu rugamba rw'ukurwanya intagondwa z'abayislamu. Ni mu gihe prezida w'Ubufransa, Emmanuel Macron yashitse muri Benin mu rugendo arimwo muri Afrika.

Prezida Macron ariko agendera ibihugu vya Kameruni, Benin na Gineya Bisawu kugira akomeze imigenderanire mu vyerekeye politike n’umutekano n’ivyo bihugu vyo muri Afrika yo mu burengero n’iyo hagati.

Ibitero vy’intagondwa z’abayislamu zikorana n’umurwi al-Qaida na reta ya kiyislamu vyariyongeye muri Benin hamwe n’ibihugu vya Togo na Cote d’Ivoire biri mu kigobe ca Gineya.

Ni mu gihe uruhagarara n’ubwicanyi biterwa n’izo ntagondwa vyatandukiye ibihugu vya Mali, Burkina Faso na Nijeri biri mu bumanuko bw’intara ya Sahel.
Mu vyo yatangaje ku musi wa kabiri ari muri Kameruni, Macron yavuze Ubufransa buzofasha ibihugu vyo mu karere ka Sahel, nka Nijeri, aho inteko z’Ubufransa zizoba ziri. Amenyesha ko bazokwagura ibikorwa vy’ukurwanya intagondwa gushika mu bihugu biri mu kigobe ca Gineya bihanganye muri iki gihe n’imirwi y’iterabwoba iriko itera ikwiragira kandi igeramira akarere kose.

Imigambi mishasha y’Ubufransa n’ugufasha ibihugu vyo mu karere ka Sahel gukomeza inguvu z’igisirikare cavyo. Avuga ko inteko z’Ubufransa zishobora kurungikwa mu bihugu bibisavye.

Gushika ubu, haba Benin canke Togo nta na kimwe kirasaba ko inteko z’Ubufransa zirungikwa ku butaka bwavyo. Yamara ivyo bihugu vyasavye Ubufransa kubifasha mu bikorwa vy’indege z’ingwano, ivyerekeye iperereza n’ibindi bikoresho vya gisirikare.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG