Uko wahagera

Ekleziya Katorika Yoba Igiye Gusaba Ikigongwe ku Basangwabutaka Biciwe muri Canada?


Umwungere wa Ekleziya Katorika
Umwungere wa Ekleziya Katorika

Umwungere wa Ekleziya Katorika Papa Fransisiko ari mu rugendo mu gihugu ca Canada. Itororokanirizo ry’amakuru y’Abafaransa, AFP, ryavuze ko hari amahirwe menshi y’uko Papa Fransisiko asaba ikigongwe ku bwicanyi bwakorewe abasangwabutaka bo muri ico gihugu, biga ku mashure y’indaro yegukira Ekleziya Katorika.

Umurwi w’igihugu ujejwe ukuri n’ukunywanisha muri Canada, wavuze ko ubwicanyi bwakorewe abasangwabutaka biga ku mashure ya Ekleziya Katorika muri Canada hagati y’imyaka y’ 1800 n’ 1990 ari Jenoside ishingiye ku mico n’akaranga. Muri ico kiringo, Reta ya Canada yarungitse abana bagera ku bihumbi 150 mu mashure y’indaro 139 yegukira Ekleziya Katorika.

Abana b’abasangwabutaka n’abavutse ku bavyeyi badasangiye urukoba barungikwa muri ayo mashure, nta burenganzira bwo kuvugisha imiryango yabo baba bafise! Eka nta n’uburenganzira bwo kuvuga indimi kavukire zabo bagira.

Amatohoza yerekanye ko benshi mu bapfuye harimwo abafashwe ku nguvu n’abatwara ibigo bigamwo canke ababigisha, abishwe urw'gashinyaguro n'ayandi mabi. Mu bapfuye, hari kandi abaharurwa mu majana vyabonetse ko bahitanywe n’ibiza, ingwara zifatiye ku gufungura nabi n’ukutitabwaho. Ubwicanyi n’amabi vyakorewe abo bana mu kiringo kigera ku kinjana, vyegekwa kuri Ekleziya Katorika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG