Liberiya yemeje ko abanyagihugu bayo bashobora kugira ubwenegihugu bw’ikindi gihugu. Hari haheze imyaka n’imyaka umunyagihugu wa Liberiya atemererwa gutunga ubwenegihugu bw’ikindi gihugu. Ni ingingo abatari bake ariko bakomeje kwita iy’agahemo kuko benshi mu bategetsi b’ico gihugu, bafise ubwenegihugu bw’Amerika.
Itegeko rishasha rya Liberiya naho ryemerera umunyagihugu w’ico gihugu kugira ubundi bwene gihugu, riratomora ko uwuzoba afise ubwenegihugu bwa kabiri, atazokwemererwa kuja mu mabanga amwe amwe y’igihugu arimwo nko kuba prezida w’igihugu, kuba umushikiranganji ajejwe ubutunzi, umukuru wa banki y’igihugu, amabanga abarizwamwo ivy’umutekano w’igihugu n’ivy'ubutungane.
Uwuzokwipfuza kwitoza mu kibanza ca prezida, itegeko rishasha ritomora ko ategerezwa kwemera guheba ubwenegihugu bw’ikindi gihugu n’imiburiburi umwaka umwe imbere y’uko atanga kandidatire mu murwi utunganya amatora.
Liberiya Yemeje ko Umunyagihugu Yemerewe Kugira Ubwenegihugu Bubiri

Facebook Forum