Uko wahagera

Abimukira Barenga 1100 Bagerageza Kwinjira I Buraya Batabawe


Bamwe mu bimukira mw'ibahari Mediteraneye
Bamwe mu bimukira mw'ibahari Mediteraneye

Abajejwe ivy’ubwato mu Butariyano batangaza ko ejo ku wa Mungu batoye ibiziga 5 vy’abimukira, batabara abarenga 670 bari mu bwato bwo kuroba mw’ibahari ya Mediteraneye, ku ruhande rwa Libiya.

Icahitanye abo batanu gushika ino saha ntikiramenyekana. Gusa, abajejwe gucungera umutekano wo mu mazi bavuze ko hari abari bahamagaye batabariza umugore bari bavuze ko arwaye. Bibukije ko abenshi mu batabarwa barimwo ababa bariko bagerageza kwinjira ku mugabane wa Buraya bavuye ku wa Afurika, aho ahanini bahunga ubuzima bubi.

Amashirahamwe akorera mu vy’ubutabazi ku mugabane wa Buraya nayo yemeza ko ejo nyene ku wa Mungu yatabaye abandi bimukira barenga 500 bari mu bwato butandukanye n’ubwo bwarimwo abapfuye. Abatabawe bose bajanywe mu bisagara vya Calabria na Sicile mu Butariyano. Amashirahamwe y’abagira neza bo mu Budagi nayo nyene yemeje ko ejo ku wa Mungu yatabaye abagera ku 444 bariko bagerageza kujabuka ibahari ya Mediteraneye.

Ishirahamwe SOS Mediterannee, ryo ryatabaye ababa 90, barimwo abana bari munsi y’imyaka 18 bagera ku 57. Abo bana, bari bonyene ata bavyeyi bari kumwe.

Kuva mu 2011, Ubutariyano bumaze kwakira abimukira binjira muri ubu buryo barenga ibihumbi 34. ONU ivuga ko ibi biharuro biri hasi cane ugerenaije n’ivyo mu 2015. Naho biri uko yamara, abamaze kuburirwa irengero canke abatowe ibiziga ni benshi ugereranije no mu 2015: ONU abo ivuga ko yamenye kuva mu 2021, bagera ku 1234.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG