Abantu batatu muri Philippine baguye mu gitero c’umuntu yitwaje inkoho, yamijaguye amasasu mu bari baje mu birori vyo gutanga impapuro z’umutsindo ku biga kuri kaminuza yitwa Ateneo de Manila, iri mu gisagara ca Quezon, cahoze ari umurwa mukuru wa Philippine.
Mu baguye muri ico gitero, harimwo uwahoze ari buramatari w’igisagara ca Quezon. Uwukekwa ko yagavye ico gitero yafatanywe inkoho zibiri zo mu bwoko bwa pistore. Yafashwe atangiriwe agerageza gusohoka akoresheje umuduga wamuzanye.
Umukuru wa sentare nkuru ya Philipinne, Alexander Gesmundo, vyari vyitezwe ko aza kuba mu bavuga amajambo muri ivyo birori vyo guha impapuro z’umutsindo abize amategeko, yasubijwe inyuma gihutihuti akiri mu nzira aza agana kaminuza yatewe.
Prezida mushasha wa Philippine yemeje ko uwakoze ico gitero n’abakigizemwo uruhara bose bazohanwa vy’akarorero. Gutunga ibirwanisho mu gisagara ca Quezon cagabwemwo igitero biheruka kugirwa umuziro.
Facebook Forum