Mu Burundi harakoranije inama rukokoma igira gatanu y’abegwa n’igiterwa c’Icayi bose baturuka mu bihugu 10 bigize akarere ka Afrika y’Ubuseruko n’ihembe rya Afrika. Amahinguriro, abarimyi n'abadandaza b'Icayi bifuza guteza imbere ico gitewa. Abarimyi b'Icayi bemeza ko iryo terambere ritazoshoboka mu gihe batarahabwa agashirukabute gakwiye ku kilo kimwe c'Icayi.
Ihuriro rigira gatanu ku giterwa c’icayi ryitabiriwe n’ibihugu nk’u Rwanda, igihugu ca mbere muri Afrika gifise icayi c’akanovera, Uburundi bugira kabiri kuri urwo rutonde rw’icayi c’Akanovera muri Afrika, Tanzaniya, Kenya, Ubuganda, Malawi, Etiyopiya, Kongo, Mozambike na Madagascar.
Emmannuel Ndayiziga, umuyobozi w’Ubudandaji mu kigo c’igihugu citaho icayi mu Burundi, OTB, yizeye ko akunguko ari kanini ku begwa n’ico giterwa c’icayi muri ivyo bihugu.
Ubu ikilo c’Icayi kibisi c’amababi akimara gusoromwa kigurwa amafranga 280 y’amarundi. Urwo rugero ni rwo ruto ugereranije n’ingene mu bindi bihugu vyitavye iyo nama bimeze. Abarimyi b’Icayi bo mu misozi miremire ya Mugamba, Tora, Jenda, Mwaro na Muramvya, bazi neza akamaro k’ico giterwa, basaba ko ico giciro cokwiyongera kugira n’abo bagwize umwimbu.
Inkuru ya Pierre Claver Niyonkuru akorera Ijwi ry'Amerika i Kigali mu Rwanda
Facebook Forum