Uko wahagera

Uburusiya Bushobora Guhagarika Gutanga Gaz i Buraya


Umuryango w'ubumwe bwa Buraya witeze ko Uburusiya bushobora guharika gutanga gaze mu bihugu bigize uwo muryango. Mw’itangazo uwo muryango wasohoye uno munsi, wasavye ibihugu biwugize kugabanya gaze bikoresha, bibaye ngombwa ugashiraho amategeko yo kugabanya ikoreshwa ryayo.

Gaze Ubumwe bwa Buraya bwiteze ko Uburusiya buzohagarika gutanga mu bihugu bitandukanye bigize uwo muryango, ni iyifashishwa mu gushuhusha amazu no kuronka umuyagankuba. Ubumwe bwa Buraya bwipfuza ko ibihugu bitandukanye biri muri uwo muryango bigabanya gaze bikoresha gushika ku bice 15% kuva mu kwezi kwa munani gushika mu kwa gatatu ko mu mwaka uza.

Mu vyo Ubumwe bwa Buraya butegekanya gusubiriza gaze y’Uburusiya, harimwo ukwikora ku vyimeza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG