Uko wahagera

Ibanki Nkuru y'Isi Yahagaritse Ibihano Yafatiye Mali


Colonel Assimi Goita, arongoye abasirikare bafashe ubutegetsi muri Mali

Ubushikiranganji bwa Mali bujejwe ubutunzi n’ikigega bwavuze kuri uyu wa kabiri ko bwamenyeshejwe n’ibanki nkuru y’isi ko ibihano yari yarafatiye ico gihugu vyakuweho. Ni ibihano vyafashwe inyuma ya kudeta yakozwe n’abasirikare mu mwaka uheze.

Icegera c’uwuserukira iyo banki mu karere ko mu burengero no hagati ka Afrika, Ousmane Diagana, yararungikiye urwandiko rumenyesha iyo ngingo ubushikiranganji bw’ikigega n’ubutunzi bwa Mali kw’itariki ya 18 z’ukwezi kw’indwi, 2022. Uru rwandiko ruvuga ko Mali igiye gusubira kubandanya imigambi yayo y’iterambere yafashwa n’ibanki nkuru y’isi.

Iyi ngingo ifashwe inyuma y’aho mu ntango z’uku kwezi ishirahamwe CEDEAO rikuriyeho ibihano muvy’ubutunzi ryari ryarafatiye Mali. Mali yatezuriwe ar’uko yamaze gutangaza itegeko rishasha rigenga amatora hamwe n’ikirangamisi gishira amatora, mu kwezi kwa kabiri 2024.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG