Kwagura uwo muryango mu ntumbero yo kurenza ibihugu 27 biwugize muri iki gihe bisa n’ibizofata imyaka itari mike.
Haheze imyaka 19 ivyo bihugu bibonwa ko bishobora kwemererwa mu muryango w’ubumwe bw’ubulaya.
Umutegetsi mukuru w’urwego nyobozi rw’umuryango w’ubumwe bw’Uburaya, Ursula von der Leyen, yabwiye umushikiranganji wa mbere wa Albaniya, Edi Rama n’uwa Macedoniya yo mu buraruko, Dimitar Kovacevski, ko ibiganiro nyakuri vy’ukwinjira kw’ibihugu vyabo muri uyo muryango vyatanguye.
Umushikiranganji wa mbere wa Albaniya, Edi Rama, avuga ko igihugu ciwe gikeneye kwinjira mu muryango w’Ubumwe bw’Uburaya kugira igihugu ciwe kibandanye gukomera no kurangwa na demokrasi kandi ciyumve neza ko kiri mu karere k’Uburaya.
Ibiganiro ku vyerekeye kwemererwa kwa Albaniya na Macedoniya yo mu buraruko mu muryango w’Uburaya bizokwihweza ukugene ivyo bihugu vyiteguriye gukwirikiza amategeko yose y’uwo muryango. (AP)
Facebook Forum