Uko wahagera

Umwana w'Umurundikazi Liana Yinonora Imitsi Bidasanzwe, Agacapa Bitangaje!


Umwana w'Umurundikazi Liana Yinonora Imitsi Bidasanzwe, Agacapa Bitangaje!
please wait

No media source currently available

0:00 0:35:57 0:00

Muhira Ntibatunga Imeza, Bayitunze, Sinoronka aho Nonorera Imitsi Yanje: Aya majambo ni ay’ik’Ibondo, Lianna Anaelle Nduwayezu, Umwana w'Umurundikazi yinonora imitsi bidasanzwe, agacapa bitangaje: Ikibondo Liana Anaelle Nduwayezu, w’imyaka umunani, haheze imyaka itanu we n’abavyeyi biwe bamwibarutse bamenye ko afise ingabire zidasanzwe zo kwinonora imitsi no gucapa. Akiri mu #Burundi yavuyemwo afise imyaka itatu, #Liana yarakunda kunonora imitsi! ariko, Se amuvyara, yemeza ko mu muryango wiwe batabibona cane. Amaze gushika muri #Amerika, ivyinshi yaraba kuri tereviziyo na terefone z’abavyeyi nkuko Papa wiwe yabibwiye Ijwi ry’Amerika, vyaba bijanye no kunonora imitsi, na mwarimu yamwigisha amubonamwo impano... mu nyuma azimenyesha abavyeyi! Mu kiganiro Liana na Papa wiwe bagiranye n’Umumenyeshamakuru w’Ijwi ry’Amerika, Diane Nininahazwe abasanze muri Reta ya #Maine iri mu buraruko bushira ubuseruko bw'#Amerika, bamusangije ibitari bike birimwo indoto za Liana zo kuzoseruka mu mahiganwa mpuzamakungu ya Olempike. Hagati aho, Liana mu myaka iri imbere yibona nk’umwe mu banonotsi b’Imena barimwo Umunyamerikakazi, Simone Biles

Muhira Ntibatunga Imeza, Bayitunze, Sinoronka aho Nonorera Imitsi Yanje: Aya majambo ni ay’ik’Ibondo, Lianna Anaelle Nduwayezu, Umwana w'Umurundikazi yinonora imitsi bidasanzwe, agacapa bitangaje: Ikibondo Liana Anaelle Nduwayezu, w’imyaka umunani, haheze imyaka itanu we n’abavyeyi biwe bamwibarutse bamenye ko afise ingabire zidasanzwe zo kwinonora imitsi no gucapa.

Akiri mu #Burundi yavuyemwo afise imyaka itatu, #Liana yarakunda kunonora imitsi! ariko, Se amuvyara, yemeza ko mu muryango wiwe batabibona cane. Amaze gushika muri #Amerika, ivyinshi yaraba kuri tereviziyo na terefone z’abavyeyi nkuko Papa wiwe yabibwiye Ijwi ry’Amerika, vyaba bijanye no kunonora imitsi, na mwarimu yamwigisha amubonamwo impano... mu nyuma azimenyesha abavyeyi!

Mu kiganiro Liana na Papa wiwe bagiranye n’Umumenyeshamakuru w’Ijwi ry’Amerika, Diane Nininahazwe abasanze muri Reta ya #Maine iri mu buraruko bushira ubuseruko bw'#Amerika, bamusangije ibitari bike birimwo indoto za Liana zo kuzoseruka mu mahiganwa mpuzamakungu ya Olempike. Hagati aho, Liana mu myaka iri imbere yibona nk’umwe mu banonotsi b’Imena barimwo Umunyamerikakazi, Simone Biles

XS
SM
MD
LG