Uko wahagera

Icenda Bishwe Barashwe muri Afurika y'Epfo


Polisi ya Afurika y’Epfo itangaza ko iri mu ruhigi rw’abagizi ba nabi baraye bishe abantu icenda babarashe. Abishwe barasiwe mu ntara zibiri zitandukanye ku mugoroba w’ejo ku wa gatandatu.

Amatohoza y’ibanze yerekana ko bane muri abo icenda biciwe mu ntara ya Gauteng, barashwe n’abicanyi babasanze bariko bakina urubugu kw’ibararabara mu ma sa moya n’inusu z’ijoro. Muri iyo ntara, abamaze kumenyekana ko bakomerekejwe n’abo polisi yise abicanyi ni babiri.

Abandi basigaye biciwe mu ntara ya Thembelihle. Polisi ya Afurika y’epfo ivuga ko itarashobora kumenya icateye ubwo bwicanyi. Muri Afurika y’epfo ubwicanyi bw’agasakisaki bukorwa n’abitwaje ibirwanisho buramenyerewe: Abababa ibihumbi 20 ku mwaka ku mwaka ni bo baburwamwo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG