Uganda kuri uyu wa kane yavuze ko abantu baharurwa mu majana bishwe n’inzara muri zimwe mu ntara zikenye mu gihugu.
Ibiro vy’umushikiranganji wa mbere wa Uganda ariko ntivyatanze igitigiri nyezina c’abapfuye mu ntara ya Karamoja ivugwamwo iyo nzara. Ni intara iri ku rubibe hagati ya Sudani y’ubumanuko na Kenya
Iyi ntara yabayemwo uruzuba kandi mu mwaka uheze yaratewe n’imyuzure y’imvura ndetse n’imisozi irasenyuka.
Ibiro vy’umushikiranganji wa mbere vyatangaje ko bizorungika amatoni 200 y’imfashanyo kandi vyongere itange imiriyoni 36 z’amadolari yo kugura ibifungurwa vyo kugaburira abanyagihugu b’iyo ntara mu mezi atatu ari imbere.
Umushingamateka yatowe muri iyo ntara, Faith Nakut, yavuze ko abantu amajana bamaze gupfa, abandi bari mu nzira yo gupfa bahitanwe n’inzara.
Nakut yabwiye abamenyeshamakuru ko abantu 46 bapfuye muri komine ya Napak gushika kw’itariki ya 8 y’ukwa ndwi, mu gihe abandi 189 bapfuye muri komine ya Kaabong. Yavuze kandi ko hari abandi bapfuye mu zindi komine zibiri, ariko nta bitigiri nyezina yatanze.
Facebook Forum