Prezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Joe Biden yashitse muri Israyeri uno musi ku wa gatatu aho atanguriye urugendo mu karere ko mu buseruko bwo hagati bw'isi.
Urwo rugendo rwa Prezida Biden ruzoshimikira ku vyerekeye kwumvisha ibihugu vyo muri ako karere bicuditse na Amerika kwongereza kurushiriza umwimbu w’ibitoro hamwe n’ugutuma imigenderanire hagati yavyo na Israyeri ikomera kurushiriza.
Biden azomara imisi ibiri mu gisagara ca Yeruzalemu aho azogirana ibiganiro n’abategetsi ba Israyeri imbere y’uko abonana na prezida w’ubutegetsi bw’abanyapalestina, Mahmoud Abbas ku musi wa gatanu mu ntara ya Cisjordaniya.
Mu nyuma y’aho azoja i Jeddah muri Arabiya Sawudite, ku musi wa gatanu mu biganiro n’abategetsi b’ico gihugu, yongere aje mu nama y’ibihugu vyo mu kigobe c’abarabu bicuditse na Amerika.
Abategetsi ba Amerika bavuga ko urugendo rwa mbere rwa Prezida Biden mu karere ko mu buseruko bwo hagati bw’isi ari mu mabanga ya prezida rushobora gutuma izindi ntambwe zishikwako mu vyerekeye imigenderanire hagati ya Israyeri na Arabiya Sawudite, ibihugu bibiri bimaze igihe bitarabana neza.
Ivyo bihugu vyompi nivyo bicuditse cane na Amerika kurusha ibindi vyo mu karere ko mu buseruko bwo hagati bw’isi.
Facebook Forum