Uko wahagera

Umutegetsi wa ISIS Yishwe na Drone ya Amerika muri Siriya


Umugabo ari aho drone ya Amerika yiciye Maher al-Agal, umutegetsi wa ISIS, hafi yo mu kigwati ca Khaltan, mu burwaruko bwa Siriya, kw'itariki ya 12/07/2022.
Umugabo ari aho drone ya Amerika yiciye Maher al-Agal, umutegetsi wa ISIS, hafi yo mu kigwati ca Khaltan, mu burwaruko bwa Siriya, kw'itariki ya 12/07/2022.

Reta zunze ubumwe za Amerika yemeza ko yashitse ku yindi ntsinzi ihambaye ku muhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu, mu kwica umwe mu bategetsi bakomeye b’uwo muhari muri Siriya. Ivuga ko uwo yishe ari ku rutonde rwa batanu bakomeye, mu gitero c’indege yitwara yo mu bwoko bwa drone mu buraruko bushira uburengero bwa Siriya.

Igisirikare ca Amerika cavuze ko uwo mutegetsi wa ISIS yishwe yitwa Maher al-Agal. Camwise ko ari we yari arongoye uwo muhari mu karere karimwo Siriya kandi ko yahuza uwo muhari hamwe n’amashami yawo akwirakwiye kw’isi hose.

Perezida wa Amerika, Joe Biden, yashimye ico gitero, avuga ko ari ubutumwa buhambaye kw’iterabwoba. Yemeje ko urupfu rwa Al-Agal muri Siriya rugiye guhagarika imigambi y’uwo muhari, cane cane ibitero wakora muri ako karere.

Ishirahamwe ryo muri Siriya rikurikirana ivy’agateka ka muntu, rifise icicaro gikuru mu Bwongereza, ryavuze ko al-Agal yarashwe na misile igihe yariko atwara ipikipiki. Ryavuze kandi ko yari mu buraruko bushira uburengero bwa Siriya kuva mu 2020.

@VOA

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG