Igipolisi c’Uburundi cerekanye abantu babiri kivuga ko ari Abanyarwanda bafatiwe ku kibuga c’indege mpuzamakungu citiriwe Melchior Ndadaye i Bujumbura. Bafashwe bariko bagerageza kuja mu gihugu c’Ububiligi bakoresheje ivyangombwa vya magendu.
Polisi yasiguye ko abo bantu bari bafashwe kw’igenekerezo rya 3 Mukakaro uyu mwaka w’2022 baca babanza gukorerwa amatohoza. Ariko nta wundi muntu Ijwi ry’Amerika yabashije kuvugana na we wabyemeza. Umuvugizi w’igipolisi c’Uburundi Pierre Nkurikiye akamenyesha ko binjiye mu gihugu c’Uburundi bavuye mu Rwanda.
Umumenyeshamakuru w’ijwi ry’Amerika Thirryve Ndayishimiye ni we abashikiriza ino nkuru mw’ijwi ryiwe ngaha hepfo
Facebook Forum