Leta y'Uburundi isaba abanyagihugu bayo kuvyara abo bashobora kurera kubera abantu babandanya kuba benshi cane mu gihugu.
Muri uno mwaka w’i 2022, Uburundi bufise abanyagihugu barenga Miliyoni 12. Mu ntara ya Ngozi, imwe mu zifise abantu benshi. Ubwo bwinshi bw’abantu butuma havuka amatati menshi y’amatongo, abavukana bagacanawo, bakama muri sentare aho kwiteza imbere.
Ngozi uno musi imaze kurenza abantu umuriyoni, n’abantu barenga 600 baba kuri kilometero kwadarato mu gihe barenga gato 400 mu Burundi bwose nkuko bigaragwazwa na ISTEEBU ikigo kijejwe kwegeranya ibiharuro mu Burundi.
Kurikira ngaha inkuru y’umumenyashamakuru w’Ijwi ry’Amerika Desire Hatungimana ashikiriza ido n’ido.
Facebook Forum