Uko wahagera

Perezida Biden Azogendera Akarere ko mu Buseruko bwo Hagati


Perezida wa Amerika, Joe Biden azoshika muri Isirayeli ku musi wa gatatu, mu rugendo rwiwe rwa mbere mu karere ko mu buseruko bwo hagati kuva ashika ku butegetsi. Azova muri Isirayeli aca aja muri Arabiya Sawudite. Ni urugendo uwo mutegetsi wa Amerika yita ko rufise ico rusigura.

Isirayeli yizeye ko uru rugendo ruzoca inzira ku migenderanire ya kidipolomasiya yuzuye hagati ya Isirayeli na Arabiya Sawudite.

Perezida Biden vyitezwe ko azotangaza urunani mu vya gisirikare muri ako karere ruzoba rurimwo Isirayeli na Arabiya Sawudite.

Palestina ntizokwakirwa muri urwo runani rw’akarere, iza yaravuze ko atari ingendo ibereye. Ariko naho biruko Perezida Biden azobonana na perezida wa Palestina, Mahmoud Abbas muri urwo rugendo rwiwe.

Abategetsi ba Palestina bahangayikishijwe nuko Perezida Biden ashize imbere ubumwe hagati ya Isirayeli n’ibindi bihugu mu karere aho kwitaho ikibazo c’intambara hagati ya Isirayeli na Palestina.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG