Uko wahagera

Ibitero 2 ku Nzu z'Ubunywero muri Afurika y'Epfo Vyahitanye Abababa 20


Polisi ya Afurika y'Epfo mu bikorwa vyo kwegeranya abaguye mu gitero ca Soweto
Polisi ya Afurika y'Epfo mu bikorwa vyo kwegeranya abaguye mu gitero ca Soweto

Abababa 20 baguye mu bitero bibiri vyagabwe ku nzu zibiri z’ubunywero muri Afurika y’Epfo. Kimwe muri ivyo bitero cagabwe muri karitiye ya Soweto igwiriyemwo abirabure mu gisagara ca Johannesburg, ikindi kigabwa mu buseruko bw’igihugu ahitwa Pietermaritzburg.

Polisi ya Afurika y’Epfo yatangaje ano makuru ivuga ko “abicanyi” baje mu modoka yo mu bwoko bwa Bus, binjira mu nzu y’ubunywero iri muri Soweto, bamijagura amasasu mu bariko bahivunira umusase, bica 15. Ubundi bunywero bwatewe bwagandaguriwemwo abantu bane, bukomerekeramwo umunani.

Igipolisi ca Afurika y’Epfo kivuga ko hakiri kare kuvuga ko ivyo bitero bifitaniye isano naho bishusha. Muri Soweto, Polisi yemeza ko yamenye ivy’igitero caho mu ma saa sita z’ijoro z’uno wa Mungu, iza kuhagera 12 bamaze kwitaba Imana. Yihutiye gutwara kwa muganga abandi 11 bari bakomeretse, batatu muri abo bacikana bashitse kwa muganga. Muri Pierermaritzburg ho igitero cahagabwe mu ma sa mbiri n’inusu z’ijoro z’ejo ku wa gatandatu, ku masaha ya Afurika y’Epfo.

Kugera ino saha, nta n’umwe ariyitirira ibitero vy’uno wa Mungu. Eka nta n’uwuvyegekwako.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG