Uko wahagera

Abategetsi ba Nijeriya Barabandanya Guhiga Abanyororo Batorotse


Perezida wa Nijeriya Muhammudu Buhari, agendera ibohero ryatewe n'abitwaje ibirwanisho i Kuje, hafi ya Abuja, Nijeriya kw'itariki 06/07/2022.
Perezida wa Nijeriya Muhammudu Buhari, agendera ibohero ryatewe n'abitwaje ibirwanisho i Kuje, hafi ya Abuja, Nijeriya kw'itariki 06/07/2022.

Abajejwe umutekano muri Nijeriya barabandanya guhiga abanyororo baharurwa mu majana batorotse, inyuma y’igitero cabaye ku musi wa kabiri mw’ibohero ry’i Abuja.

Umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu mu karere ka Afrika y’uburengero, ISWAP, mu majambo make y’Icongereza, waremanze ko ari wo wagavye ico gitero. Perezida wa Nijeriya, Muhammadu Buhari, yaneguye iperereza ry’igihugu ciwe kuba ryarananiwe kugihagarika. Ariko abamunegura bavuga ko yananiwe kugarukana umutekano mu gihugu inyuma y’imyaka irenga indwi amaze ku butegetsi.

Kuri uyu musi wa kane, imirwi y’abajejwe umutekano hamwe n’abategetsi b’amabohero barashwiragiye mu murwa mukuru Abuja barondera abanyororo batorotse.

Uru ruhigi rumaze gufata abashika 436 ku bashika 900 batorotse. Ariko abandi barimwo abarwanyi ba Boko Haram 64 ntibazwi irengero gushika ubu.

Ubutegetsi bw’amabohero bwavuze ku musi wa gatatu ko abanyororo 879 batorotse igihe abitwaje ibirwanisho baturitsa ibisasu, babomora impome z’ibohero ry’i Kuje, mu micungararo y’umurwa mukuru Abuja ku musi wa kabiri.

@VOA

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG