Uko wahagera

COVID-19 Yongeye Kugumiza Abanyagihugu mu Ngo Zabo


Mu Bushinwa, amamiriyoni y’abanyagihugu bategetswe kuguma mu mihana yabo kuva kuri uyu wa gatatu harimwo n’abakora ibikorwa bitandukanye bategetswe kugara mu gisagara ca Xi-an kiri mu buraruko bw’igihugu mu gutinya umugera wa Covid-19 wongeye kwaduka ku rugero ruteye ubwoba.

Abategetsi mu gisata c’amagara y’abantu mu Bushinwa batangaje abantu barenga 300 banduye muri ico gisagara, muri Shanghai, i Beijing n’ahandi.

Abategetsi batanguje isekeza rishasha ryo gupima abanyagihugu mu kivunga mu bice uwo mugera wongeye kwivyukiranya.

Uku kwivyukiranya k’uyu mugera kuje guhungabanya Perezida Xi Jinping, mu gihe mu ndwi iheze yari yarongeye kwiyemeza kurwanya uyu mugera gushika aho urandurwa ubutakigaruka mu gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG