Uko wahagera

Boris Johnson Yahisemwo Kubandanya Akazi ha Gutanga Imihoho


Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Boris Johnson
Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Boris Johnson

Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza, Boris Johnson, yiyemeje kubandanya amabanga yiwe naho hari abandi bari mu mugambwe wiwe batanze imihoho.
Boris Johnson yabwiye abashingamateka ko akazi k’umushikiranganji wa mbere mu bihe bitoroshe ari ukubandanya amabanga yiwe.

Yatangaje ko adashigikiye na gato ivyasabwe na David Davis, umushingamateka wo mu mugambwe wiwe yasavye ko ashira imbere inyungu z’igihugu agatanga imihoho.

Davis, yari yasavye Boris Johnson imbere yaho gutanga imihoho, yabwiye inama nshingamateka ko ariko amusaba kandi gushira inyungu z’igihugu imbere y’iziwe ku giti ciwe, imbere y’uko reta inanirwa kurangura amabanga yayo.

Yamara Johnson avuga ko kubandanya mu mabanga yiwe y’umushikiranganji wa mbere bidaciye kubiri n’inyungu z’igihugu.

Ingingo yiwe y’ukuguma ku butegetsi yaranzwe n’ugutanga imihoho kw’umushikiranganji w’ikigega c’igihugu, Rishi Sunak hamwe n’umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu, Sajid Javid. Abo batanze imihoho bavuga ko batagishikiye umushikiranganji wa mbere, Boris Johnson, kubera inyifato yiwe.

Yaciye agena abasubirira abo bashikiranganji 2 mu buryo bwihuta. Yamara hari abandi bashikiranganji batanze imihoho.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG