Uko wahagera

Afurika y'Epfo Igandariye Abana 21 Baguye mu Kibanza co Kuriramwo


Amasandugu ashinguwemwo abana 21
Amasandugu ashinguwemwo abana 21

Abanya Afrika y'epfo bagandariye abana 21 bapfiriye mu kibanza kigurishwamwo ibifungurwa n'ibinyobwa citwa Enyobeni Tavern, mu gisagara ca East London, muri Afrika y'epfo haheze imisi 10.

Abari mu kigandaro bari bambaye inyambaro zirabura bagandariye abo bana mu gihe igipolisi kikibandanya gutohoza urupfu rwabo. Prezida wa Afrika y’epfo, Cyril Ramaphosa yari mu bari bagandariye abo bana, yavuze mw’ijambo yashikirije ko imishaha yabo yuzuye agahinda. Yatangaje ko abavyeyi babo batazosubira kuronka akaryo ko kuhobera abo bana bari bafise inzozi na kazoza keza imbere yabo.

Yamenyesheje ko urupfu rwabo rwagize ingaruka ku banya Afrika y’epfo bose. Umuyobozi w’intara ya Eastern Cap, igisagara ca East London kirimwo, Oscar Mabuyane, yabwiye abari bagandaye ko bazokora ibishoboka vyose kugira ivyo bintu bibabaje ntibizosubire kuba.

Abajejwe itohoza ry’urupfu rw’iyo mikangara ntibarashikiriza ivyarivuyemwo.
Mu kurindira mu bivurwa ko vyoba vyatumye abo bana bapfa harimwo ko vyoba vyaturutse ku vyo boba barafunguye canke baranyoye.

Bamwe mu barokotse bajanywe mu bitaro bavuga ko bababara mu gikiriza. Abandi bavuga ko bagerageje kuva mu kibanza barimwo batekewe n’ubwoba mu gihe abo bari kumwe bariko barapfa, yamara ko batashoboye gutora inzira isohoka.

Bathandwa Kwatsha, umumenyeshabutumwa yari ayoboye ibisabisho yabwiye abari bagandaye ko Imana izobahoza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG