Uko wahagera

Imyaka 60 Iraheze Aljeriya Yikukiye


Ino foto yafashwe umunsi Aljariya yikukira

Aljeriya yahimbaje uno musi ku wa kabiri imyaka 60 irangiye ironse intahe yo kwikukira. Ibirori vyabereye mu gihugu cose. Ivyo birori vyahimbajwe inyuma y’imyaka 7 y’ingwano. Alijeriya yamaze imyaka 132 y’intwaro y’igikoloni y’Ubufransa.

Abdelaziz Bouteflika yahoze ari prezida wa Aljeriya yari yahagaritse defile z’igisirikare. Yamara uwamusubiriye, Prezida Abdelmadjid Tebboune yarasubijeho uwo muco mu birori vyo kwibuka intahe y’ukwikukira vy’uyu mwaka.

Igisirikare cerekanye inguvu zaco mu gihe icuka kibi gitera ciyongera hagati ya Aljeriya na Maroke bivuye ku matati yerekeye intara ya Sahara yo mu burengero.

Abanyororo 14,000 bagiriwe imbabazi. Prezida Abdelmadjid Tebboune yateye igikumu kw’itegeko ritangaza kugirira imbabazi abanyororo ibihumbi n’ibihumbi ku musi wa mbere.

Iryo tegeko risabira abanyororo bafise ibibazo vy’amagara kurekurwa canke ibihano baciriwe bikagabanywa.

Ivy’uko abanyororo bapfunzwe ku mpamvu za politike boba bari mu bantu barekuwe ntivyari bitomoye bono nyene.

Vyari vyitezwe ko Prezida w’ubutegetsi bw’Abanyapalestina, Mahmoud Abbas, umuyobozi w’umuhari Hamas n’abaprezida b’ibihugu vya Tuniziya, Nijeri, Kongo na Etiyopiya bitaba ibirori vy’uno musi ku wa kabiri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG