Uko wahagera

Nta Migambi Papa Fransisko afise yo Gutanga Imihoho


Papa Fransisko

Papa Fransisko arahakana ko afise imigambi yo gutanga imihoho vuba.

Mu kiganiro cihariye yahaye umumenyeshamakuru Philip Pullellla w’itororokanirizo ry’amakuru ryo mu Bwongereza, Reuters, Papa Fransisiko yatangaje ko iciyumviro co kuva mu mabanga yiwe kitigeze kimuzamwo.

Harabaye urukurukuru rwakwiragiye mw’itangazamakuru ko ashobora gutangaza ko agiye gutanga imihoho.

Yamara Papa Fransisiko yamenyesheje ko yiteguriye kugendera igihugu ca Canada muri uku kwezi kandi ko yizeye ko azogendera Uburusiya na Ukraine.

Nta mu Papa arigera agendera Uburusiya. Papa Fransisiko yaranebaguye akatari gake ibitero vy’Uburusiya muri Ukraine.

Ku musi wa kane w’indwi irangiye, yagirije ico gihugu mu buryo bupfobetse ko kiriko kigira ibitero muri Ukraine mu buryo butagira insiguro kandi bugayitse.

Yatangaje yamara ko abategetsi b’i Vaticano n’Uburusiya bavuganye ku vyerekeye urugendo ashobora kugira muri ico gihugu.

Amenyesha ko akaryo kabonetse azogendera Uburusiya na Ukraine mu ntumbero yo kuvugira amahoro.

Yaravuze kandi mu bubaye ubwa mbere ku gukomereka kwiwe kw’ivi mu vyatumye adashobora kurangura amwe mu mabanga yiwe, harimwo kuba yahagaritse urugendo yari kugira muri Afrika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG