Uko wahagera

Papa Fransisiko Ahamagarira RDC na Sudani y'Ubumanuko Guharanira Amahoro


Papa Fransisiko isoma imisi i Vatican
Papa Fransisiko isoma imisi i Vatican

Papa Francisiko yasavye abanyagihugu hamwe n’abategetsi b’ibihugu vya Repubulika ya demokarasi ya Congo, Sudani yo mu bumanuko kwibagira kahise, bagafata inzira nshasha zo gusubiza hamwe, inzira y’amahoro hamwe n’iterambere.

Papa yashikirije ubwo butumwa ku musi wa gatandatu, umusi yari yarateguye gutangurirako urugendo muri ivyo bihugu bibiri vya Afrika. Yahagaritse urwo rugendo mu kwezi guheze kubw’ibibazo vy’amagara.

Yasavye abanyagihugu bo muri ivyo bihugu kutemera kunyagwa amahoro n’aho babangamiwe n’ibikorwa vy’ubwicanyi, uruhagarara mu vya poritike, ubukene, hamwe n’ibindi vyabasinzikaje igihe kirekire.

Mu gishingo ciwe, yaciye arungika uwa kabiri kuri we, Cardinal Pietro Parolin, agendera Congo na Sudani y’ubumanuko ku misi yari yarategekanije kugendera ivyo bihugu.

Ekleziya Katolika yaragize uruhara runini muri RDC, cane cane mu bihe vy’amatora. Yarungitse abarorerezi b'amatora bashika 40.000 mu matora yashikanye ku butegetsi Felix Tshisekedi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG