Uko wahagera

HCR Irasaba Tanzaniya Kubahiriza Uburenganzira bw'Impunzi


Inkambi ya Nduta
Inkambi ya Nduta

Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku mpunzi, HCR, rihamagarira reta ya Tanzaniya guhagarika agacinyizo n’ibihano yama yafatiye impunzi z’Abarundi mu ntumbero yo kuzihimiriza gutaha ku bwinshi. HCR isanga iyo ngingo yafashwe na reta ya Tanzaniya ihonyanga agateka k’impunzi.

Ivyo vyashikirijwe n’umuvugirizi wa HCR mu ntara ya Kigoma umutegarugori Rehema Msami mu nama n’abarongozi ba reta ya Tanzaniya muri komine Kibondo kuri uyu wa mbere.

Iyo nama yari ifatiye ku kibazo c’imibereho idashimishije y’impunzi, umutekano muke, n’ibindi bibangamiye impunzi muri iki gihe.

Uwo mutegarugori yavuze ko HCR isanga ingingo zafashwe na reta ya Tanzaniya nko kugabisha amashirahamwe gutanga infashanyo z’intica ntikize, kwugara amasoko rusangi, gutema ibitoke, umutekano muke utuma bamwe bamwe baburirwa irengero ari guhonyanga agateka k’impunzi mu gihe ico zahunze kitarakemuka.

Reta ya Tanzaniya ivuga ko ata mpunzi y’Umurundi izosubira kuronswa ubwenegihugu kiretse gutahanwa gusa.

Ku bw’iyo mpamvu zimwe mu mpunzi z’Abarundi zahungiye mu nkambi ya Nduta zisaba HCR kuzimurira mu bindi bihugu bikurikiza amategeko agenga impunzi kugira zibe mu mahoro n’umutekano ntangere mu gihe ibibazo vyatumye bahunga bitarakemuka.

Mu ntango z’ukwezi guheze kwa gatandatu, umuyobozi ashinzwe impunzi mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu ca Tanzaniya, Sudi Mwakibasi, mu nama zitandukanye, yaragabishije amashirahamwe atanga infashanyo mu ntumbero yo kuburabuza impunzi kugira zitahe.

Muri iyo nama nyene, intumwa y’ambasade y’Uburundi mu ntara ya Kigoma, bwana Yeremiya Kekenwa, yabariye impunzi zo mu nkambi ya Nduta ko zamaze guta agaciro ari nayo mpamvu ziriko ziraburabuzwa. Yazisavye gutaha kubera amashirahamwe mpuzamakungu yamaze kwemeza ko mu Burundi habarizwa amahoro akwiye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG