Uko wahagera

Etiyopiya Yagenye Abazoyiserukira mu Biganiro vy'Amahoro


Gedion Timothewos, umushikiranganji ajejwe ubutungane wa Etiyopiya
Gedion Timothewos, umushikiranganji ajejwe ubutungane wa Etiyopiya

Etiyopiya yagenye abategetsi 7 bazoyiserukira mu biganiro vy'amahoro bishobora kuba n'abayobozi b'igisirikare c'intara ya Tigreya. Umushikiranganji ajejwe ubutungane wa Etiyopiya, Gedion Timothewos, yatangaje uno musi ku wa kabiri ko umugambwe uri ku butegetsi muri ico gihugu, Prosperity Party, washizeho imigambi y’ugutorera inyishu ingwano ibera mu buraruko bw’igihugu biciye mu mahoro.

Abajejwe ibiganiro baserukira reta ya Etiyopiya bazoba bayobowe n’icegera c’umushikiranganji wa mbere, Demeke Mekonnen. Ntaco abayobozi b’intara ya Tigreya baravuga ku vyatangajwe na Reta ya Etiyopiya. Yamara umutegetsi akomeye w’intara ya Tigreya, Debretsion Gebremichael, yatangaje mw’ikete yandikiye amakungu kw’italiki 15 y’ukwezi kwa gatandatu ko uruhande rwiwe rwiteguriye ibiganiro vy’amahoro. Yagabishije ko kwemera kwitaba ivyo biganiro atari ukuvuga ko bazoheba aho bahagaze.

Intumwa idasanzwe y’ubumwe bwa Afrika, Olusegun Obasanjo, yahoze ari prezida wa Nijeriya, yaragendeye Etiyopiya mu ndwi za vuba mu gihe ariko agerageza gutuma impande zose ziganira.

Ivy’uko ivyo biganiro bizoba ntibitomoye. Abategetsi b’intara ya Tigreya batangaje ko biteguriye kubonana n’abategetsi ba reta ya Etiyopiya i Nairobi, ku murwa mukuru wa Kenya, mu biganiro bihagarikiwe na prezida wa Kenya, Uhuru Kenyatta.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG