Uko wahagera

Sudani Yagiriza Etiyopiya Kwica Abasirikare Bayo 8 n'Umusivile


Igisirikare ca Sudani ku musi w’Imana camenyesheje ko iyicwa ry’abo bantu ari igikorwa kigayitse. Cavuze ko kizokwishura kuri ubwo bubisha.

Mw’itangazo casohoye, ico gisirikare nticamenyesheje abo bantu 8 bishwe abo ari bo, n’ukugene bafashwe n’igihugu ca Etiyopiya. Ntaco abategetsi ba Etiyopiya babitangajeko icese.

Imigenderanire hagati y’ivyo bihugu bibanyi yagiye iratituka mu myaka ya vuba bifatiye ku matati amaze igihe ku bice bitari bike bikoreshwa mu vyerekeye uburimyi biri ku rubibe bisangiye mu karere kitwa al-Fashaqa.

Sudani ivuga ko ivyo bice biri ku butaka bwayo bifatiye ku masezerano agabura imbibe hagati yayo na Etiyopiya yashitsweko mu myaka ya mbere yo mu 1900.

Ugutana mu mitwe kwaragiye kuraba hagati y’ivyo bihugu vyompi mu kiringo c’imyaka 2 irangiye. Vyari inyuma y’uko Sudani ivuze ko yigaruriye igice kinini c’akarere ka al-Fashaqa, igasaba Etiyopiya gukura inteko zayo mu bice 2 ivuga ko biri ku butaka bwa Sudani.

Mu kwezi kw’icumi na rimwe mu mwaka urangiye w’i 2021, Sudani ivuga ko abasirikare bayo 6 bishwe mu gitero cakozwe n’igisirikare ca Etiyopiya muri ako karere.

Ivyo bihugu vyompi vyaragiranye ibiganiro bigenewe gutorera inyishu amatati yerekeye akarere ka al-Fashaqa. Ivya nyuma biheruka kubera ku murwa mukuru wa Sudani, Khartoum, mu kwezi kw’icumi na kabiri mu mwaka w’i 2020. Yamara nta ntambwe vyagize.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG