Uko wahagera

Nijeriya: Umucamanza wa Sentare Nkuru y'Igihugu Yatanze Imihoho


Muhammad Tanko
Muhammad Tanko

Uwo mucamanza mukuru, Tanko Muhammad, yatanze imihoho mu mabanga yiwe mw’ijoro ryo ku musi w’Imana, nk’uko umuvugizi wiwe yabitangarije itororokanirizo ry’amakuru ryo muri Amerika, Associated Press. Yamara ntiyatanze impamvu z’iyo ngingo.

Tanko Muhammad, afise imyaka 68 muri iki gihe, yari yaragenywe muri ayo mabanga mu kwezi kw’umunani mu mwaka w’i 2019, asubiriye uwitwa Walter Onnoghen yakwirikiranywe ku vyaha vya ruswa.

Ugutanga imihoho kwa Muhammad kuje indwi imwe inyuma y’uko abacamanza 14 bo muri sentare nkuru y’igihugu basohoye ikete rimwagiriza ruswa.

Iryo kete rivuga ko yihojeje ivyo abo bacamanza bamusavye. Bamenyesha ko naho inama nshingamateka y’igihugu yongereje amafranga agenewe sentare nkuru y’igihugu, urwo rwego rutarangura akazi karwo neza ku biberekeye. Bamenyesha ko ivyo atawobisabirako.

Bitegekanijwe ko umucamanza mukuru mushasha wa sentare nkuru y’igihugu atangazwa akongera akemezwa mu mabanga yiwe mu misi iri imbere.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG